Ikiza ebola kiriko gikwiragira muri
Afrika y’Uburengero mu mwanya muto cane, nk’uko Joanne Liu, arongoye abaganga
batagira imbibe (Médecins Sans Frontières), yabishikirije kuri uyu wa 15
Myandagaro, inyuma y’imisi cumi agenduye akarere katewe n’ico kiza ebola. Ivyo
bigatuma n’ibindi bihugu vyegereye ako karere bishobora kwandukirwa n’iyo
ndwara.
Muri Republika iharanira intwaro
rusangi ya Congo, nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe amagara
y’abantu, Dr Félix Kabange Numbi, kuri uwu wa kane uheze, abantu 13 nibo
bihitanywe n’ingwara y’ubushuhe (fièvre hémorragique) itaramenyekana neza
ikiyitera kuva kw’igenekerezo rya 11 Myandagaro, mu karere k’Uburaruko bushira
Uburengero. Abo 13 bapfuye bakaba berekana ibimenyetso vy’ubushuhe, gucibwamwo,
kudahwa, bagire basandabe naho bakadahwa ibintu vy’irabura.
Abantu bashika kuri 80 bari begereye
abo bishwe n’iyo ndwara bariko bakurikiranwa aho basanzwe baba gushika ikiringo
c’imisi 21 giheze. Abazogaragaza ibimenyetso vy’iyo ndwara bakazoca
babanyarukiriza ku mavuriro ari i Lokolia ni Watsikengo. Hakaba hari ibipimo
bigiye kugirigwa mu kigo c’ubushakashatsi (Institut natonal de recherche
biomédical) naho bapimira muri Gabon, kugira bamenye igitera iyo ndwara.
Inyishu zikazoboneka inyuma y’imisi 7, nkuko uwo mushikiranganji ajejwe amagara
y’abantu yabimenyesheje.
Tukamenyeshwa n’uwo muganga Félix ko
umugera utera indwara ya ebola watowe muri RDC mu mwaka w’1976, kandi ukaba
umaze guhitana abantu bagera kuri 1300 muri Afrika y’Uburengero kuva mu ntango
z’uwu mwaka.
Inkuru dukesha IGIHE
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire