vendredi 22 août 2014

AIME JOSEE NITEREKA MU RWANDA AFASHWE NEZA YAGIYE GUKORANA INDIRIMBO NA GABY KAMANZI

Nkuko avyivugira Aimé José Nitereka umuririmvyi wa Gospel Mu Burundi ngo nyuma y'igiteramo yakoze muri Odeon Palace ubwo yaririmba Indirimbo yiwe nshasha Ambiance Agogo abantu bakava hasi,ngo vyamuteye izindi ngufu zo kubandanya akora adacitse intege.ubu ubwo twavugana nawe ari mu gihugu c'urwanda yavuze afashwe neza cane kandi ngo azoza azaniye abarundi ikintu gishasha,tumubajije ivyo arivyo yatangarije KHE Creative ko yamaze gukorana Indirimbo na Gaby KAMANZI yitwa Ambience Agogo Remix.ikindi yatangaje nuko ngo yanerejwe ingene igihugu c'u rwanda camwizeye bakamutumira mu gikorane gikomeye cana kidatumirwamo uwariwe wese.
Uyu murirmvyi tubibutse ko ari umuririmvyi wa Groupe Asaph wakuriye mu maboko ya Pastor KAJABIKA Rubin wa Zion Temple i Burundi.

                                        Aimé José Nitereka ari kumwe na Gaby KAMANZI
Aimé José Nitereka azwi cane mu ndirimbo nka Mu bihe,Urampagije n'izindi.........


Mr Dany
Tel +257 75 120 000

Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire