dimanche 24 août 2014

Umuhanzi w'indirimbo za Gospel Richardnick NGENDAHAYO yaraye akoze ubukwe Bukomeye i Dalass muri America

Nyuma yo gutanduka n'umugore we babyaranye umwana umwe w'umuhungu ,Umuhanzi uzwi cyane kw'izina rya Richardnick NGENDAHAYO mu ndirimbo nka NIWE,CUBAHIRO,N'izindi yaraye akoze ubukwe bukomeye muri america,Amazina y'umugore we tuzayabatangariza twamaze kuvugana n'uyu muririmbyi umaze iminsi atuje kumpamvu zitazwi.
Ubwo aheruka kwumvikana mu kiganiro cya Eddy KAMOSO kuri radio Rema fm i Bujumbura yatangaje ko afite fiancé ariko ntiyatangaza i byu bukwe,Benshi rero bakaba bibaza impamvu uyu muririmbyi ubarizwa ubu muri america atashatse gutangaza ubukwe bwe?

Richard nick n'umugeni we bari kumwe na Nziza Désiré umuririmbyi w'umuririmbyi w'umurundi

Mr Danny

vendredi 22 août 2014

ANNE MARIE NDENZAKO YABAYE ICAMAMARE KUBERA KWAMAMAZA ISABUNE YA CLAIRE

Kuruno munsi hiriwe hazenguruka ama foto y'umurundikazi AnneMarie NDENZAKO wamamaje isabune ikorerwa mu rwanda haraheze hafi Imyaka 60 irenga.buri muntu yabonye ino sanamu yaciye ayi partaja kubera kunezererwa n'ubwiza bwiwe n'ingene yashaje igifise ubwiza.mugabo ico twibaza nimba Sulfo rwanda yoba ikimuha amafaranga kuko batigeze bamukuraho kuva ino sabune ikorwa.turabamenyesha ko Sulfo ikorerwa mu rwanda n'uruganda rukora amasabune,ama bassin,ibikombe,amavuta ,amasabune n'ibindi ikaba irongowe n'abahinde.
Mbe Anne Marie aracariho?mbe yoba agihembwa na sulfo nkuko mu bindi bihugu babigenza iyo bagushize ku capa baguma baguha amahera gushika bahinduye?
Tuzobaha amakuru yiwe uwundi munsi.

Mr Dany

Tel  +257 75 120 .000

AIME JOSEE NITEREKA MU RWANDA AFASHWE NEZA YAGIYE GUKORANA INDIRIMBO NA GABY KAMANZI

Nkuko avyivugira Aimé José Nitereka umuririmvyi wa Gospel Mu Burundi ngo nyuma y'igiteramo yakoze muri Odeon Palace ubwo yaririmba Indirimbo yiwe nshasha Ambiance Agogo abantu bakava hasi,ngo vyamuteye izindi ngufu zo kubandanya akora adacitse intege.ubu ubwo twavugana nawe ari mu gihugu c'urwanda yavuze afashwe neza cane kandi ngo azoza azaniye abarundi ikintu gishasha,tumubajije ivyo arivyo yatangarije KHE Creative ko yamaze gukorana Indirimbo na Gaby KAMANZI yitwa Ambience Agogo Remix.ikindi yatangaje nuko ngo yanerejwe ingene igihugu c'u rwanda camwizeye bakamutumira mu gikorane gikomeye cana kidatumirwamo uwariwe wese.
Uyu murirmvyi tubibutse ko ari umuririmvyi wa Groupe Asaph wakuriye mu maboko ya Pastor KAJABIKA Rubin wa Zion Temple i Burundi.

                                        Aimé José Nitereka ari kumwe na Gaby KAMANZI
Aimé José Nitereka azwi cane mu ndirimbo nka Mu bihe,Urampagije n'izindi.........


Mr Dany
Tel +257 75 120 000

IKIZA EBOLA IMAZE KWICA ABANTU CUMI NA BATATU MURI RDC



Ikiza ebola kiriko gikwiragira muri Afrika y’Uburengero mu mwanya muto cane, nk’uko Joanne Liu, arongoye abaganga batagira imbibe (Médecins Sans Frontières), yabishikirije kuri uyu wa 15 Myandagaro, inyuma y’imisi cumi agenduye akarere katewe n’ico kiza ebola. Ivyo bigatuma n’ibindi bihugu vyegereye ako karere bishobora kwandukirwa n’iyo ndwara.
Muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Dr Félix Kabange Numbi, kuri uwu wa kane uheze, abantu 13 nibo bihitanywe n’ingwara y’ubushuhe (fièvre hémorragique) itaramenyekana neza ikiyitera kuva kw’igenekerezo rya 11 Myandagaro, mu karere k’Uburaruko bushira Uburengero. Abo 13 bapfuye bakaba berekana ibimenyetso vy’ubushuhe, gucibwamwo, kudahwa, bagire basandabe naho bakadahwa ibintu vy’irabura.
Abantu bashika kuri 80 bari begereye abo bishwe n’iyo ndwara bariko bakurikiranwa aho basanzwe baba gushika ikiringo c’imisi 21 giheze. Abazogaragaza ibimenyetso vy’iyo ndwara bakazoca babanyarukiriza ku mavuriro ari i Lokolia ni Watsikengo. Hakaba hari ibipimo bigiye kugirigwa mu kigo c’ubushakashatsi (Institut natonal de recherche biomédical) naho bapimira muri Gabon, kugira bamenye igitera iyo ndwara. Inyishu zikazoboneka inyuma y’imisi 7, nkuko uwo mushikiranganji ajejwe amagara y’abantu yabimenyesheje.
Tukamenyeshwa n’uwo muganga Félix ko umugera utera indwara ya ebola watowe muri RDC mu mwaka w’1976, kandi ukaba umaze guhitana abantu bagera kuri 1300 muri Afrika y’Uburengero kuva mu ntango z’uwu mwaka.


Inkuru dukesha IGIHE

samedi 16 août 2014

LOLILO YAHAWE ISHANO N'UMURIRIMVYI ATARAMENYEKANA

Nyuma yo kuva mu biteramo bitandukanye mu gihugu ca Congo canejeje abacongomani benshi,Lolilo yagarutse mu rwamuvyaye aca agurira umugore wiwe imodoka yubwoko bwa Carina TI;Muri iyi minsi ishize Lolilo yar'amaze iminsi atagaragara mu gisagara ca Bujumbura abantu benshi bakibaza aho yagiye.K H E creative yagerageje kurondera amakuru amenya ko Lolilo atari mu karuhuko nkuko benshi babivuga ahubwo ari mu gitanda adahwa amaraso,acibwamwo amaraso Ndetse anasoba amaraso nkuko nawe ivyivugira.
Nkuko Lolilo nawe avyivugira ngo ikmwemeza ko ar'ishano nuko yagiye kwa muganga babura indwara ,akaba yarafashe inzira yo kurondera umuganga w'imiti y'ikirundi.Twagerageje kumubaza ubwo yar'avuye kwa Muganga aciye kuri African sound studio uwoba yamuhaye ishano avuga ko atamuzi mugabo arakeka abaririmvyi bangezi be basangiye umwuga.


Mr Satelite Bamba


Lizer Classic Yahawe agashimwe k'umuhinyanyuzi w'umwaka muri TOPTEN TUBE Burundi

Nyuma yuko amaze iminsi ivyivugiye mu kiganiro mu kiganiro NEZERWA NA SMS MEDIA ko ariwe muhinyanyuzi wa mbere mu Burundi yavyerekanye ubwo yaraye atahukanye agashimwe
k'umuhinyanyuzi mwiza mu Burundi mu mahiganwa yateguwe na Radio Bonesha fm i Bujumbura.
, kuri uyu wa 14 Myandagaro mu gisagara ca  Bujumbura ahitwa ku kibuga ca Parike  haruguru gato y’aho Televiziyo na Radiyo by’Igihugu bikorera impandz ya Radio C C I B Fm.
Uyu muhinyanyuzi amaze igihe kunini yarigaruriye abaririmvyi cane aba Star nka Farious,Lolilo,Eddy KAMOSO,Diamond,Alikiba,Sat B,OMDMPOZ kubera ubuhinga bwiwe.twagerageje kubaza aba baririmvyi ico biyumvira kuri uyu mu producer bose bagiye bamwemera nk'umwe mu ba producer beza bari muri East Africa.

Mr Danny